Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 11:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Mbega ntimufise iwanyu aho mwofungurira mukongera mukanywera? Canke mushaka kwonona urusengero rw’Imana no kumaramaza abakenye? Ndababwire iki? Ndabashime n’ibi bintu mukora? Ntibikabe!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mbega yemwe: ntimufise ingo zo kurīramwo no kunyweramwo? Canke mukēngēra ishengero ry’Imana, mugatētereza abadafise? Ndababgire iki? Ndabashime? Kur’ ivyo simbashima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 11:22
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Mu vyo ngira ndababwire, sindabashima na gato, kuko amakoraniro yanyu yuzuyemwo ibibi gusumba ivyiza.


Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


Koko ndi uwa nyuma mu ntumwa kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


(Kuko uwudashoboye gutunganya urugo rwiwe, mbega yoshobora gutunganya ishengero ry’Imana gute?)


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ