Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo.
Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.