1 Munyigane nk’uko nanje nigana Kristo.
1 Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo.
Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.
Ndabinginga rero ngo munyigane.
Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.
Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.
Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza.
Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.