Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 10:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 10:17
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.


Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.


Iryo banga ni iri: Abanyamahanga co kimwe n’Abisirayeli, bose iyo bizeye Ubutumwa Bwiza, basangira umugabane w’abana b’Imana. Bose bagize umubiri umwe, kandi basangiye n’isezerano ry’imihezagiro Imana yasezeranye muri Kristo Yesu.


Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo.


Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe.


Hari umubiri umwe n’Impwemu imwe, nk’uko mwahamagariwe ivyizigiro bimwe vyo muri kazoza;


Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ