Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 10:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 10:11
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.


Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi.


Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.


Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.


Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.


Aya majambo avuga ngo: “Imana imwemera nk’umugororotsi,” ntiyanditswe ku bwiwe wenyene,


Ivyo vyose vyabaye ngo bitubere akarorero kugira ngo imitima yacu ntiyipfuze gukora ivyaha nk’uko babigize.


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Nta nkeka ibi ni twebwe yari ibivuzeko. Ibi vyandikiwe twebwe kugira ngo uwurima n’uwimbura bizigire kuzoronka umugabane wabo ku mwimbu.


Ivyo twobifatirako ikigereranyo: abo bagore babiri bagereranywa n’amasezerano abiri. Isezerano rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivamwo abana bavukira kuba abagurano: Uwo ni Hagari.


Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.


Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.


Kuko, “Hasigaye igihe gito, uwugira aze azoza, kandi ntazoteba.”


Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ