29 Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.
29 kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y’Imana.
Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu.
Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.
None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko kwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.
Iyo Aburahamu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vyiza yakoze, yari kuba afise ico yirata. Ariko imbere y’Imana si ko vyagenze.
Ni co gituma handitswe ngo: “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu.”
Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?
Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?
Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.