Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 1:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko Imana yahisemwo ivy’ubujuju vy’iyi si kugira ngo imaramaze abiyita abanyabwenge, kandi yahisemwo ibinyantege nke vy’iyi si kugira ngo itetereze ibinyenkomezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 1:27
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Babaza Yesu bati: “Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?” Na we arabishura ati: “Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya, wahironkeye amashimwe’?”


Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.


kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.


kuko bamwe muri mwebwe bavuga bati: “Amakete ya Pawulo aragumye kandi arimwo uburake. Ariko iyo ari kumwe natwe aboneka nk’umunyantege nke adakwiye no kwumvirizwa.”


Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ