Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 1:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 1:26
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,


Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Ca cariho ca Kayisari kibibonye kirizera kuko catangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu.


yagendanira Serejiyo Pawulo, icariho ca Kayisari; uwo yari umuntu w’umunyabwenge. Nuko Serejiyo Pawulo atumako Baranaba na Sawuli, kugira ngo yumve ijambo ry’Imana.


Ariko bamwe mu bari aho baca bacika abigishwa ba Pawulo, barizera. Muri abo harimwo Diyonisiyo, umwe mu bagize inama Areyopago, umugore yitwa Damari, hamwe n’abandi.


Kuko Imana idasubira ku ngabire yatanze canke ngo ihebe abo yatoranije,


None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?


Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.


Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.


Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ