Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 1:12
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.


kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.


Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.


Ku vyerekeye mwene Data Apolo na we, naramwinginze ngo azanane n’abandi bene Data iwanyu, ariko ntiyipfuje kuza ubwo nyene, azoza niyaronka akaryo keza.


Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?


Nimurabire ku biboneka. Abavuga ko ari aba Kristo bategerezwa kumenya ko natwe turi aba Kristo co kimwe na bo.


Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ