Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kandi ngo babonane n’abaherezi bo mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo n’abavugishwa n’Imana, bababaze, bati Mbega dukwiye kwama turira mu kwezi kwa gatanu, twigungiye ukwacu, nk’uko twabigenza mur’ iyo myaka yose ukw ingana?

Gade chapit la Kopi




Zekariya 7:3
21 Referans Kwoze  

rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda baza abaherezi ku vy’ ivyagezwe,


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


Abubatsi bamaze kwubaka itanguriro ry’urusengero rw’Uhoraho, bashirah’ abaherezi, bambaye impuzu z’ubuherezi nyene, bafise inzumbete, n’Abalewi bo mu ba Asafu, bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi, ngo bahimbaze Uhoraho nk’uko vyagezwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.


Maz’ ijambo ry’ Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite