5 Maz’ umumarayika twavugana arambaza, ati Mbeg’ ivyo ntuzi uko bisobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye mugenzi.
Arambaza, at’ Arya ntuzi ukw asobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye, mugenzi.
Kand’ arababaza, ati Ntimuzi uwo mugani? Non’ imigani yose muzoyitahura mute?
Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.
Ariko jewe ubganje, iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho; ariko n’ukugira ng’ umenyeshwe uko bisobanurwa, utahure n’ivyiyumviro vyo mu mutima wawe, mugenzi.
Kumenya ben’ ukwo n’igitangaza ntobasha; Kuransiga, simbasha kugushikīra.
Yosefu yishura Farawo, ati Si jewe mbishobora, Nyaguhora ku ngoma, Imana ni yo ija kukwishura ivy’amahoro.
Maz’ umumarayika twavugana aragaruka, arankangura, nk’ uk’ umuntu akangurwa ava mw itiro:
Nuko mbaza umumarayika twavugana, nti Mbeg’ ivyo bisobanurwa bite ga mugenzi?