4 Nuko mbaza umumarayika twavugana, nti Mbeg’ ivyo bisobanurwa bite ga mugenzi?
Nuko mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo bisobanurwa bite ga mugenzi?
Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.
Maz’ asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we, bati Dusobanurire umugani w’urwamfu rwo mu ndimiro.
Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.
Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?
Maz’ umumarayika twavugana arambaza, ati Mbeg’ ivyo ntuzi uko bisobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye mugenzi.
Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.