Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.

Gade chapit la Kopi




Zekariya 1:6
46 Referans Kwoze  

Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Ariko ni mutumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose n’amabgirizwa yiwe yose mbagera uyu musi, iyi mivumo yose izobazako, ibashikīre.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.


Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.


Kand’ abazokira inkota bagasubira mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu gihugu ca Egiputa, bazoba ar’ imparūrwa; kand’ amasigarira yose y’i Buyuda, abāgiye mu gihugu ca Egiputa kubayo, bazomenya ijambo rihamye iry’ ari ryo, kw ar’ iryanje cank’ iryabo.


Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ubūbīre nk’igisuma:


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wo muryango wose wa Isirayeli: ehe baravuga, bat’ Amagufa yacu arūmye, n’ivyizigiro vyacu birabuze, turashize rwose.


Aho ni ho muzokwibukira ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu vyose, ivyo mwihumanishije; nuko muzokwiyanka kubg’ ivyaha vyanyu vyose mwakoze.


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


Kimwe gusa, mumenye rwose ni mwanyica, ko muzoba mwizanyekw amaraso y’ ūtācumye, azoba kuri mwebge ubganyu no kur’ iki gisagara no ku bakibamwo: kuko vy’ukuri Uhoraho ni we yabantumyeko kuvugira ayo majambo yose mu matwi yanyu.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’intumwa zanje, mvuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwongera gutūrika; n’ivy’ ibisagara vy’i Buyuda, nti Bizokwubakwa, kandi nzovyutsa ahāsenyutse haho.


Ni mwirimbure, ndabinginze, hoye kuba ibifutamye; Mbere ni mwirimbure ukundi gusha, ivyanje n’ibigororotse.


Kand’ iyo mivumo yose izobashikako; izobakurikirana, ibahamvye, gushitsa aho muzorandukira, kuko muzoba mutumviye Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo yabageze.


Uhoraho azobarungikira umuvumo, n’amananiza, n’ubgihebūre, mu vyo muzogerageza gukora vyose, gushitsa aho muzorandurirwa, mugaherengetera vuba, muhōwe ibibi muzoba mwakoze, vyatumye mumuheba.


Kand’ ivyo nari ngeneye abo, nzobisubiza kuri mwebge.


Ariko ni mutākora murtyo, muzoba mucumuye k’Uhoraho; kandi mumenye neza yukw icaha canyu kizobahama.


Kand’ iyi mihezagiro izobazako, ibashikīre, ni mwumvira Uhoraho Imana yanyu.


n’amasigarira yo mu gitigiri c’ abarashi b’abahizi b’Abakedari bazoba imparūrwa; kuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari we abivuze.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.


Eh’ ibirundo barundiye kwūririrako ngo baneshe igisagara birashitse: igisagara gitanzwe mu maboko y’Abakaludaya bagiteye, kubg’ inkota n’inzara n’ikīza. Ivyo wavuze birashitse, nawe urik’ uravyibonera.


riti Subira wābīre uwundi muzingo, uwandikemw’ amajambo yose nk’aya mbere yari mu muzingo wa mbere, uwo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye.


riti Genda ubarire Ebedumeleki Umunyetiyopiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba ngira nshitse kur’ iki gisagara ayo nakivuzeko y’ivyago, atar’ ay’ ivyiza; kandi bizoshika uvyibonera kuri nya musi.


Kand’ iki ni co kimenyamenya canyu, ni jewe Uhoraho mbivuze, kizobamenyesha yuko nzobahanira aha hantu, ngo mumenye yukw amajambo yanje atazobura guhama ngw abazanire ivyago:


Nukw ivyo vyose bishika ku mwami Nebukadineza.


Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.


Ku musi wa mirongwibiri na kane wo mu kwezi kw’icumi na rimwe, ni kwo kwezi kwitwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’ Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana;


Vyabaye nk’ukw ijambo Uhoraho yari yarabariye Yehu ryāvuze, rit’ Abana bawe bazokomeza ku ngoma mu Bisirayeli gushitsa ku mwuzukururuza wawe. Nuko birashika.


uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.


Nuko Hananiya kamenyi apfa mur’ uyo mwaka nyene mu kwezi kw’indwi.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;


Ni co catumye ubushangashirwe bganje n’uburake bganje bisukwa bikadomekwa mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu; none har’ imisaka n’amatongo, nk’uko bir’ uyu musi.


Tuti Twaracumuye, turagarariza; ntiwaduharira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite