Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ba sogokuruza banyu bari hehe? Cank’ abo navugishije mbega bokwamyeh’ ibihe vyose?

Gade chapit la Kopi




Zekariya 1:5
16 Referans Kwoze  

mber’ abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’ agapiripiri kazotituka: kuk’ umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’ abamuririra:


umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi; isi igahorah’ ibihe vyose.


Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.


riti Subira wābīre uwundi muzingo, uwandikemw’ amajambo yose nk’aya mbere yari mu muzingo wa mbere, uwo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye.


Ba data bakoze ivyaha, kandi ntibakiriho; Natwe twasubiweko n’ibigabitanyo vyabo.


Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.


Yehowasi akiriho, Elisa afatwa n’indwara, ari yo nyene yamwishe. Yehowasi umwami w’Abisirayeli aramanuka aja kurāba ukw ameze, amuririra hejura, ati Yewe ga data we, yewe ga data we, wabereye Abisirayeli imikogote n’abagendera ku mafarasi!


Bukeye Elisa arahwera, baramuhamba. Kand’ uk’ umwaka utashe, ibitero vy’Abanyamowabu vyahora bitera ico gihugu ku gacikamvura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite