Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi?

Gade chapit la Kopi




Zekariya 1:12
24 Referans Kwoze  

riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Imyaka mirongwirindwi ni yarangira mur’ i Babuloni, nzobagendera, mbashitsekw ijambo ryanje ryiza, mbagarukane aha hantu.


Uzohaguruka, ugirire imbabazi i Siyoni: Kukw igihe co kuhagirira ikigongwe gishitse, mber’ igihe cashizweho kirashitse.


Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.


kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Mana, ni wewe uzi ubupfu bganje: Ivyaha vyanje ntubinyegejwe.


Kubg’ ugushangashirwa kwawe n’uburake bgawe Kuko wanteruye, ukanta.


Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.


Sinicaranye n’abaremye akarwi bitwengera, bihimbarirwa: nicaye ukwanje jenyene kubg’ ukuboko kwawe; kuko wanyujuje umwikomo.


Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.


Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?


Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’ umuryano uriho, nawe ntuwunkize?


Uhoraho we, uzogeza hehe kuraka ibihe vyose? Mbeg’ ifuhe ryawe rizokwama ryaka nk’umuriro?


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Nari narakiye abantu banje, mpindura igihumane ishamvu yanje, ndabakugomorera; nawe nta kagongwe wabagiriye, abatāma wabatwaje amanyama birengeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite