Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bishura umumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze hagati y’imihadasi, bati Tugendagenze mw isi, kandi rāba, isi yose iratekereje, ifise impore.

Gade chapit la Kopi




Zekariya 1:11
16 Referans Kwoze  

Maze wa wundi yar’ ahagaze hagati y’imihadasi aravuga, at’ Abo n’abo Uhoraho yatumye kugendagenda mw isi yose.


Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Uko ni ko bizoba ku muhero w’isi. Abamarayika bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi,


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Ay’ utugajo araza, asaba kugendagenda mw isi yose; aravuga, ati Nuko ni mugende, mugendagende mw isi yose nyene. Nukw agendagenda mw isi yose.


Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza.


Isi yose ironse impore, iratekereje; baraturitse bararirimba.


Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


Uhoraho abaza Satani, at’ Uvuye hehe? Satani yishura Uhoraho, ati Mvuye gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite