Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zekariya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana,

Gade chapit la Kopi




Zekariya 1:1
17 Referans Kwoze  

na Ido na Ginetoyi na Abiya,


uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yīciwe hagati y’igicaniro n’ahēra h’urusengero: ni koko, ndababgire, azoronderwa ku b’iki gihe.


bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro.


Mu mwaka ugira kane Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya ku musi wa kane w’ukwezi kw’icenda kwitwa Kisilevu.


Ku musi wa mirongwibiri na kane wo mu kwezi kw’icumi na rimwe, ni kwo kwezi kwitwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’ Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana;


Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.


Ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we,


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


mu ba Ido ni Zekariya; mu ba Ginetoni ni Meshulamu;


Nukw ijambo ry’Uhoraho riza kuri Hagayi ubugira kabiri, kur’ uyo musi wa mirongwibiri na kane w’ukwo kwezi,


hāri ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kwa gatandatu, mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma.


Maz’ abavugishwa n’Imana Hagayi na Zekariya mwene Ido bavugishwa mw izina ry’Imana y’Abisirayeli, babarira Abayuda bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu.


Ijambo ry’Uhoraho rinzako,


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite