Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:8
39 Referans Kwoze  

nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.


Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.


Ni witege Uhoraho: Rema, umutima wawe uhūmure: Nuko, ni witege Uhoraho.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’ umwungere arobanura intama mu mpene.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


Nshira ku mutima wawe nk’ ikimenyetso, mbe nk’ikimenyetso ku kuboko kwawe: Kuk’ urukundo rufise inkomezi nk’urupfu, Ifuhe rinyinyaraye nk’i kuzimu; Ibirimi vyavyo ni nk’ibirimi vy’umuriro, N’urubeya rw’inkazi rw’ Uhoraho.


Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza.


Nk’ukw amaso y’abashumba bayahanga ukuboko kwa shebuja, Kandi nk’ukw amaso y’incoreke iyahanga ukuboko kwa inabuja, Ni kw amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, Gushitsa ah’ azotugirira ikigongwe.


Mutima wanje, uhwekere ku Mana yonyene, Kukw ari yo ivyizigiro vyanje vyandurukako.


Umutima wanje uhwekereye ku Mana yonyene: Ni yo agakiza kanje kandurukako.


Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, Na we azogushira hejuru ng’ uragwe igihugu: Abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw isi izo nzavya ndwi z’uburake bg’Imana.


Uhoraho we, uzogeza hehe kuraka ibihe vyose? Mbeg’ ifuhe ryawe rizokwama ryaka nk’umuriro?


Suka uburake bgawe ku mahanga atakuzi, No ku bgami bgose butambaza izina ryawe.


Iyo ni yo migabo yagīriwe isi yose, kand’ ukwo ni kwo kuboko kwābānguriwe amahanga yose.


Rekurira uburake bgawe ku mahanga atakuzi, no ku miryango itambaza izina ryawe, kuko bātsontsomeye aba Yakobo, mbere barabatsontsomeye barabaherengeteza, bākomvomvoye aho bāba.


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Kuk’ Uhoraho ashangashiriwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose, arabagesheje rwose, arabagabuye ngo bicwe.


Nanyukuje amahanga uburake bganje, mbamenaguza ubushangashirwe bganje, mpondoganiriza amaraso yabo kw isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite