Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’ imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe, bituma hatakibonekay’ umuntu, kand’ ata wukihaba na mba.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:6
19 Referans Kwoze  

Arikw ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.


ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.


Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Iyo ni yo migabo yagīriwe isi yose, kand’ ukwo ni kwo kuboko kwābānguriwe amahanga yose.


Ni nde munyabgenge yotahura ivyo? Kandi ni nde yabibariwe n’akanwa kanje, jewe Uhoraho, kugira ngw avyamamaze? N’iki gitumye igihugu cononekara kigasha uburimbi nk’ubugaragwa, ntihabe hakigira ūhaca?


None rāba amahanga agisigaye, hamwe n’amahanga yose naranduye, nabahesheje ubupfindo ibihugu vyabo ngo bibe amashamvu y’imiryango yanyu, uhereye kuri Yorodani ugashitsa ku kiyaga kinini gihera i burengerazuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite