Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:2
30 Referans Kwoze  

Navuganye nawe igihe war’ umerewe neza, arik’ uravuga, uti Sinduha ndavyumva. Iyo ni yo ngeso yawe uhereye mu buto bgawe, yo kutanyumvira.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Banteye ibitugu mu gishingo co kuntumbera, naho nabahanūra nkāma nzindurwa no kubahanūra, yamara ntibanyumviye ngo babishire ku mutima.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Ariko rero, Yakobo we, ntiwanyambaje; Isirayeli we, waramparurutse.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Ukavuga, ut’ Ewe ngo ndanka guhanūrwa, N’umutima wanje ugakēngēra guhanwa;


Kuko batizeye Imana, Ntibizigire agakiza kayo.


Ariko jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe: Umwami Uhoraho ni we ngize ubuhungiro, Kugira ngo namamaze ibikorwa wakoze vyose.


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, uti Mbega ntimworuha mwemera indero yanje ngo mwumvire amajambo yanje? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Kwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ukumenya: Arikw ibipfu bikēngēra ubgenge n’inyigisho.


Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka:


Ivyo ni vyo bizokubako, ni wo mugabane nkugereye, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko wanyibagiye ukizigira ibinyoma.


riti Mwana w’umuntu, ico gihugu ukibgire, ut’ Ur’ igihugu kidatunganye, kitazoronka imvura ku musi w’uburake.


Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite