18 nko ku musi mukuru washinzwe. Nzogukūrakw ivyago, ntuz’ usubire gutētērwa ukundi.
Kuko nzobakūra mu mahanga, mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu vyose, mbajane mu gihugu canyu bgite.
Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.
Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.
Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho?
Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.
Kandi nzozizana ndazikūye mu mahanga, ndazikoranirize hamwe ndazikūye mu bihugu, nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi, n’ ahantu hose har’ abantu mu gihugu.
Mu gihe c’umubabaro waho n’ivyago, Yerusalemu hibutse Ibihimbaro vyaho vyose hāhoranye uhereye kuva kera. Hamwe abantu baho bākorokeye mu maboko y’umurwanizi, ntihabone ūhatabara, Abarwanizi bārahabona, bakahatwengera mw ijigo ko habaye imisaka.
Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.
N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre: Biniane ku murwa wawe wera, No mu mahema yawe.
Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.
Duhindutse ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo n’agacokoro ku badukikije.