Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:17
30 Referans Kwoze  

Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.


Uhoraho anezererwa abamwubaha, Anezererwa abitega imbabazi ziwe.


Mbere nzobanezererwa mbagirire neza, kandi nzobatēragira mur’ iki gihugu vy’ukuri, bivuye mu mutima wanje wose no mu mushaha wanje wose.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azobasesekariza ivyiza mu bikorwa vyanyu vyose, agwize uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’urwo mu masho yanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu; kuk’ Uhoraho azokwongera kunezererwa kubagirira neza, nk’uko yanezererwa ba sogokuruza,


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe.


Kandi nzohimbarwa n’i Yerusalemu, nnezerwe n’abantu banje: kand’ ijwi ryo kurira ntirizohumvikana ukundi, cank’ ijwi ryo kuboroga.


Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu.


Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.


Ni nde yatumye ukuboko kwiwe kw’ icubahiro kugendera ku ruhande rw’i buryo bga Mose? Ni nde yatandukanije amazi imbere yabo, akīhesha izina ritazoshira?


Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’ Uhoraho yakoze ibihambaye.


Ni hagira umugurano acika, ahunze shebuja, agahungira muri mwebge, ntimuze mumumuhe;


Maz’ Umwami Imana aribambura, nk’uwar’ asinziriye, Nk’umuhizi asemerezwa cane na vino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite