Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kur’ uwo musi Yerusalemu hazobarirwa, ngo Ntutinye: nawe Siyoni, amaboko yawe ntadendebuke.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:16
21 Referans Kwoze  

Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora.


Ni co gituma mbinginga ngo mwoye kwihebuzwa n’amarushwa yanje yo kubganyu, kukw ari yo cubahiro canyu.


uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye akakubumba uhereye ukiri mu nda, kand’ ari we azogutabara: ati Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje, yewe Yeshuruni uwo natoranije.


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Yewe ubarira Siyoni ubutumwa bgiza, dūga umusozi muremure; yewe ubarira Yerusalemu ubutumwa bgiza, semerera cane ushimitse; semerera, ntutinye; ubgire ibisagara vy’i Buyuda, ut’ Eh’ Imana yanyu!


Bukeye bg’aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu mur’ iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,


ni ko no mur’ iyi misi ngabiye kugirira neza Yerusalemu n’inzu ya Yuda: nuko ntimutinye.


Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.


Rāba ingene wahora wigisha benshi, Wakomeza amaboko areganutse.


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.


Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’ Uhoraho yakoze ibihambaye.


Nuko, nk’uko mwari mu mahanga murik’ umuvumo, yemwe ab’ inzu ya Yuda, namwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni ko nzobakiza, mubek’ umuhezagiro; ntimutinye, arikw amaboko yanyu n’akomere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite