uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe ibūranira abantu bayo, at’ Ehe nkūye ca gikombe c’ukudandabagiranya mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ari ko gikombe c’uburake bganje; ntuzosubira kukinywak’ ukundi:
Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.
Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.
Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.
Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.
Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.
Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?