Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:13
46 Referans Kwoze  

Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.


Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.


Ibisagara vyo muri Aroweri bicitse imisaka; hazoba ah’ imikuku, ni yo izohagandagaza, nta kizoyikanga.


Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.


Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.


Bazokwibagira ibitētērwa vyabo, n’ ubuhemu bgabo bgose bāmpemukiye, ni bamara kwibera mu gihugu cabo, ata co binona, ata kibateye ubgoba,


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Kandi nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubgoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.


Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,


Ntimukabeshane, kuko mwiyambuye umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe,


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.


Maz’ i Sharoni hazoba icanya c’intama, kand’ ikiyaya c’i Akori kizoba ivyagiro ry’ inka, n’uburuhukiro bg’abantu banje bandondeye.


Kuko yavuze, ati N’ukuri n’abantu banje, abana batogunga; nuko rer’ ababera Umukiza.


Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira.


Kandi naho cosigarwamwo n’ikigiracumi co muri bo, na bo bazokwongera batikizwe: nk’ukw ibiti vy’umwela n’umweloni bisigarana igishitsi, bimaze gucibga, ni k’uruvyaro rwera ar’ igishitsi cabo.


Mbere nta c’ukugabitanya bakora, Bagendera mu nzira ziwe.


Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye: Andōngōrera i ruhande y’ amazi adasūma:


Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.


Kand’ uzokwiryamira, ntihagire ūgutera ubgoba; Mbere benshi bazogusaba ng’ ubatonere.


Uhoraho, kiza ubugingo bganje iminwa ibesha N’ururimi rw’ingunge.


Wa rurimi rw’ingunge we, Azoguha iki, azoguhetera iki?


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Ivyo mukwiye gukora n’ibi: Umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, muce imanza ziroranye z’amahoro muri mu rukinja mu marembo yanyu:


Nukw igihugu ca Yehoshafati kigira impore, kukw Imana yiwe yar’ imuhaye umutēkāno impande zose.


Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite