Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:12
24 Referans Kwoze  

Non’ intumwa z’iryo hanga bazozīshura iki? Bazozīshura, bat’ Uhoraho ni we yashinze Siyoni, kand’ impahazwa zo mu bantu biwe ni ho zizohungira.


Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


Kand’ izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Kand’ Uhoraho arabatabara, akabarokora, Abarokora mu banyakibi, akabakiza, Kuko bamuhungiyeko.


Maz’ abana b’ imfura b’aboro bazogaburirwa, n’ abakene baryame amahoro; kand’ igishitsi cawe nzocicisha kigoyi, n’amasigarira yawe azokwicwa.


Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.


Ariko noneho mur’ aka kanya gatoya Uhoraho Imana yacu atweretse ikigongwe ciwe, adusigariza amasigarira, adushimangiye nk’umusumari Ahēra hiwe, kugira ngw akeshe amaso yacu, aduhēmbūre buhoro mu bugurano bgacu.


Kandi naho cosigarwamwo n’ikigiracumi co muri bo, na bo bazokwongera batikizwe: nk’ukw ibiti vy’umwela n’umweloni bisigarana igishitsi, bimaze gucibga, ni k’uruvyaro rwera ar’ igishitsi cabo.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira.


Yamara nzosiga amasigarira, kuko muzogira bamwe bacika bagakira inkota, bakaja mu banyamahanga, igihe muzosābagirizwa mu bihugu.


Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite