Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:11
29 Referans Kwoze  

Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.


Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ ibiryana cank’ ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Kubg’ ukumāramāra kwanyu muzoshumbushwa kabiri; mu gishingo co gutētērwa muzonezererwa umugabane wanyu: ni co gituma mu gihugu canyu muzoshumbushwa kabiri, mugire umunezero utazoshira.


Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.


nk’uko handitswe, ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.


Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Arikw Abisirayeli bazokizwa n’Uhoraho, abakirishe agakiza kadashira: ntimuzotētērwa, canke ngo mumāramāre, no gushitsa ibihe bitazoshira.


Ko witwa Umuyuda, ukishimira ivyagezwe, ukirata Imana,


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


N’iki cotuma ntinya mu misi y’ivyago, Ah’ ukugabitanya kw’abansi banje kunkikije?


Bikoraniriza hamwe kurwanya Mose na Aroni, barababarira, bat’ Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’ Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?


Amagambo yo mu minwa yabo ni yo gicumuro c’ akanwa kabo, Ubgibone bgabo bubafate nk’ umutego, Bo n’imivumo n’ibinyoma bavuga.


Uhoraho, umutima wanje ntiwibona, kand’ amaso yanje ntiyishira hejuru; Kandi sinishira mu vyo ntagezwemwo, Canke mu bitangaza bindengeye.


Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.


Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi, abībone bacurike amaso hasi:


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Uko ni ko nzokwonona amanyama y’ Ubuyuda n’amanyama akomeye y’i Yerusalemu.


Kuko ku musozi wanje wera, ari wo musozi muremure w’i Bgisirayeli, ni k’ Umwami Uhoraho agize, ari ho ab’ inzu ya Isirayeli bose, n’abari mu gihugu bose bazoza kunsaba: aho ni ho nzobākīrira neza, ni ho nzobatumira amashikanwa, n’umushuzo w’imperezwa zanyu, n’ ibintu vyanyu vyose vyejejwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite