Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abasavyi banje, ari bo bana banje bāsābagiye, bazonzanira ingorore, bavuye hakurya y’inzūzi zo muri Etiyopiya.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:10
17 Referans Kwoze  

Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Abaganwa bazoza bavuye muri Egiputa, Etiyopiya hazokwihutira kurāmvurira Imana amaboko yaho.


Ewe wa gihugu c’amababa ahinda, kiri hakurya y’inzūzi za Etiyopiya,


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ico gihe Uhoraho Nyen’ ingabo azoshikanirwa ishikanwa n’ubgo bgoko bg’abantu barebare b’umubiri uyagayaga, ubgoko bgamye butera ubgoba uhereye ubga mbere ugashitsa n’ ubu; ihanga rikomeye risiribanga vyose, ryo mu gihugu kigabanijwe n’inzūzi; iryo shikanwa rizoshikanirwa ahantu h’izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, ni ho ku musozi Siyoni.


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Kand’ azoshingira amahanga ibendera, akoranirize hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, akumakumire hamwe Abayuda bagiye isābagire, abakūye ku mfuruka zine z’isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite