Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza!

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 3:1
17 Referans Kwoze  

Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo.


turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.


Ni co gitumye Uwera w’Abisirayeli avuga, ati Ko mukēngereye iryo jambo, mukishimira agahahazo n’ ubugoryi, mukaba ari vyo mwishimikiza,


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


agikūrekw agatorero kaco n’amoya yaco, abiterere hambavu y’igicaniro ahahera i burasirazuba, ku gikuburiro c’umunyota.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Ivyo ni vyo uzogirirwa, kukw amahanga wayahurumbiye nk’ikimaka, ukanduzwa n’ibigirwamana vyayo.


Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.


Yamar’ ubu bgoko bgo bufise umutima ugarariza, ugābagāba; bāragararije, baracika.


Ivyo bājishe butangurirwa ntibizovamw’ imyambaro, kandi ntibazoshobora kwipfuka ibikorwa vyabo; ibikorwa vyabo n’ ibikorwa vy’ubugāba, ibikorwa vy’ umuryano biri mu maboko yabo.


Nk’ukw iriba ridudubiza amazi yaryo, uko ni ko kidudubiza ibibi vyaco: humvikana umuryano n’ubunyazi muri co; ububabare n’inguma vyama imbere yanje na ntaryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite