Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ati Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:8
19 Referans Kwoze  

Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umwansi ko yabashinyaguriye, ngw Awa! ngo Ya misozi miremire yamyeho kera izoba iyacu twiganziye:


Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.


Imbūri yo kuri Mowabu: kuko mw ijoro rimwe ahitwa Ari‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe; kuko mw ijoro rimwe ahitwa Kiri‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe!


Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Wumvise ibitutsi vyabo, Uhoraho we, n’imigabo bangīra yose,


Nawe, mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’ubgoko bg’ Abamoni, no ku vy’igitutsi cabgo; maz’ uvuge, ut’ Inkota, inkota irasokowe, yartyororewe kuririka, kugira ngw imaririkanye, ibe nk’ umuravyo:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Mowabu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko baturiye amagufa y’umwami w’Abanyedomu, bayahindura nk’ishwagara.


Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako.


Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu: uwo ni we yandurutsweko n’Abanyamowabu na bugingo n’ubu.


Umutoya na we avyara umuhungu nyene, amwita Benami: uwo ni we yandurutsweko n’Abamoni na bugingo n’ubu.


Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.


Ijambo ry’Uhoraho rinzako,


Nuk’ uzomenya yuko jewe, Uhoraho, numvise ibitutsi vyawe vyose watutse imisozi y’i Bgisirayeli, uti Hahindutse amatongo, turahahawe ngo tuharye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite