Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:5
14 Referans Kwoze  

nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Yamara se woruhuka ute, kand’ Uhoraho ari we yagutumye? Yayigeze kurwanya Ashikeloni n’abo kw isēsero ry’ikiyaga.


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,


Barondera ingene bomufata, batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’ imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe, bituma hatakibonekay’ umuntu, kand’ ata wukihaba na mba.


Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:


Maz’ abana b’ imfura b’aboro bazogaburirwa, n’ abakene baryame amahoro; kand’ igishitsi cawe nzocicisha kigoyi, n’amasigarira yawe azokwicwa.


Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


Yemwe Bufilisitiya bgose, nta co munezerezwa n’ukw inkoni yabakubita ivunitse; kuko mu gishitsi c’inzoka hagiye kuvamw’ imvuvyi, kand’ uruvyaro rwayo ruzoba inzoka iguruka y’ubumara buturira.


Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.


Ibi ni vyo bihugu bisigaye: igihugu cose c’Abafilisitiya, n’ic’ Abageshuri cose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite