Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:3
44 Referans Kwoze  

Hamwe Imana yahagurutswa no guca amateka, Ngw ikize abaciye bugufi bose bo mw isi. Sela.


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.


Murondere Uhoraho n’inkomezi ziwe; Murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira.


Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.


Kuko ntazobura kugukiza; ntuzokwicwa n’inkota, arikw amagara yawe uzoba uyakijije, kuko wanyizigiye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Ngirira ikigongwe Mana, ngirira ikigongwe, Kuk’ ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe: Mbere no mu gitūtu c’ amababa yawe ni ho ngira mpungire, Gushitsa ah’ ibi vyago birenganira.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Ngo Mbega nawe wironderera ubukuru? Ntuburondere. Kuko rāba, ngw Azozana ivyago ku bafise umubiri bose, ni k’Uhoraho agize; ariko weho ngw Azoguha gukirira ah’ uzoba ugiye hose.


Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose Azokwama ari mu gitūtu c’ Īshobora vyose.


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.


Mu bgigobeko bgo mu nyonga zawe ni ho uzobahisha inama mbi z’abantu, Uzobahisha mw ihema gutongana kw’indimi.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.


muze mubishure, mut’ Iki ni co kimazi citwa Pasika y’Uhoraho, kuko yarenganye amazu yacu Abisirayeli, turi muri Egiputa, akayaziguriza, igihe yica Abanyegiputa. Abantu barunama, barasenga.


kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b’i Makedoniya hose. Ariko bene Data turabahanūra ngo murushirize kugira rwinshi.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, mubūranire abapfakazi.


Ntimwarushe mudūga ngo muje mu birengero vyo ku rugo rw’inzu ya Isirayeli, canke ngo mubizibire, kugira ngo babone ingene bashikama mu ntambara ku musi w’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite