Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:2
22 Referans Kwoze  

Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Uhoraho yashikije ubushangashirwe bgiwe, yarekuye uburake bgiwe bg’inkazi; Kandi yadometse umuriro muri Siyoni, utongora n’ amatanguriro yaho.


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.


Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.


Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.


Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Kuko jewe nd’Uhoraho: nzovuga, kand’ ijambo nzovuga rizoshika; ntirizokwongera kurekerwa mu rutendeko: kuko mu gihe canyu, mwebge ab’ inzu y’abagarariji, nzovuga kandi nshitse ico navuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite