Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:14
8 Referans Kwoze  

Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.


akavuga, ati Hinge niyubakire inzu nini n’ivyumba vyagutse, akayicamw’ amadirisha; akayishiramw’ insenge z’amasederi, akazisīga irangi ritukura.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Kandi nzohahindura i wabo w’ibinyogoto, n’ibidengeri vy’amazi; nzohakubūza imyeyerezo yo kugeseza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ibiyaya vyo ku kiyaga bizosigara ar’ uburagiro gusa, har’ ibirāro vy’abungere n’impongore z’imikuku.


Mmeze nk’inyanana yo mu bugaragwa, Mpindutse nk’igihuna co mu misaka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite