Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:13
19 Referans Kwoze  

Nukw abazokurāba bose bazoguhunga, bati Ninewe harageseye! Ni nde azoharirira? Nokūra hehe abo kukwirura?


Imbūri yo kuri Ninewe. Igitabo c’ivyo Nahumu Umwelekoshi yeretswe.


Ni co kizotuma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, azorungika ubukonyere mu bavyibushe bo muri Ashuri, kandi mu bgiza bgiwe hazodomekwa hashe nk’ ahaturirwa n’umuriro.


Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.


Aho ni houmuriro uzogutōngōrera; uzotikizwa n’inkota, ikurye nk’ukw intoteza zirya. Enda ni wigwize nk’intoteza, n’ugwire nk’inzige!


Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Uzobona ibara, Ashuri, wa rugāge rw’uburake bganje! Ubushangashirwe bganje ni bgo nkoni witwaje!


Iyo ni yo migabo yagīriwe isi yose, kand’ ukwo ni kwo kuboko kwābānguriwe amahanga yose.


Nuko Senakeribu umwami w’i Ashuri aca arataha, asubira inyuma, aja kuba i Ninewe.


Kand’ i Hazori hazoba i wabo w’imbgebge, n’ibitongozi vy’ibihe bidashira: nta muntu azobayo, cank’ umwana w’umuntu azoba akihaba.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.


Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite