Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:11
36 Referans Kwoze  

Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi.


Uhoraho, abami bo mw isi bose bazogushima, Kuko bumvise amajambo yo mu kanwa kawe.


Abo ni bo bandurutsweko n’amahanga aba ku kiyaga, umuntu wese nk’uk’ ururimi rwabo rumeze, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amahanga yabo ari.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi;


Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.


Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Ni munyumve, yemwe ababa ku kiyaga; namwe mahanga ya kure, tega amatwi. Uhoraho yampamagaye ntaravuka; nkiri mu nda ya mama yamvuze izina:


Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, n’ishimwe ryiwe uhereye ku mpera y’isi; muririmbe yemwe abagenda ku kiyaga, n’ibiri muri co vyose, namwe biyaya vyo kuri co, n’ababibamwo.


Ntazodendebukirwa, ntazocika intege, gushitsa ah’ azoshingira amateka mw isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe.


Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: Kandi bazohimbaza izina ryawe,


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Zimwe zārya ibinure vy’ibimazi vyabo, Zikanywa vino z’ibiturire bāshikana? Ni zihaguruke zibatabare, Zibe ari zo zibakingira!


Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.


Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.


Hanyuma y’ivyo azohindukiza amaso, atere ibizinga vyo mu kiyaga, aneshe vyinshi; arik’ umugabisha umwe azozibiza agakēngērwe yateye, mber’ azokamusubiza ku mutwe.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


Ibigirwamana bizoherengetera rwose.


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite