Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.
Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.