Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 2:10
18 Referans Kwoze  

Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa.


Twumvise ivy’ ubgibone bg’i Mowabu, yuko hafise ubgibone bginshi; ivy’ ukwishira hejuru kwaho, n’ivy’ ubgibone bgaho, n’ivy’ amanyama yaho, n’ivy’ ukwigira hanini kwo mu mutima waho.


Ati Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi?


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Uti Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura?


Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho; ntihāri hārībajije ivy’ amaherezo yaho; Ni co catumye hacishwa bugufi bitangaje; ntihagira ūhahūmuriza. Uhoraho we, itegereze umubabaro wanje; kuk’ umwansi yishize hejuru.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wakomye amashi, ukavuza imihamirizo, ukītamba hejuru y’igihugu c’i Bgisirayeli n’ akagaye kose ko mu mutima wawe;


Ntiyakundira umuntu n’umwe kw abazingirikira, Mbere yahannye abami ababahōra,


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Muvuga ngw iki ngo Mur’ abahizi, kandi ngo Mur’ intōre zo kuja mu ntambara?


Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite