8 Maze kur’ uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga.
Maze kur’ uwo musi Uhoraho azohana ingabo zo hejuru mw ijuru, n’abami bo hasi mw isi.
Kand’ abahungu bawe uzoba wīkūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.
Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.
Maz’ abarira uwajejwe ububīko bg’imyambaro, ati Zanira abasenga Bayali bose imyambaro. Nukw arayibazanira.
Ntihaze hagire izinamukobga yambarana impuzu n’izinamuhungu, canke ngo hagire izinamuhungu yambarana n’izinamukobga: kuk’ ūkoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu.
Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.
Mbere bacōkōra abami, bagatwenga abaganwa, ibihome vyose barabitwenga gusa, kuko babirundira ibigūngūzi vy’ ivu vyo kwuririrako, bakabinesha.