Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:4
14 Referans Kwoze  

Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe.


Ingo zabo zizogabirwa abandi, bo n’amatongo yabo n’abagore babo: kuko nzobangurira ukuboko kwanje ku baba mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


basangangura ibicaniro vya za Bayali abahagarikiye, asitaguza n’ inkingi zashingiwe izuba zari zibihanamiye hejuru; amenagura n’inkingi zashingiwe Ashera, n’ ibishushanyo bibājwe n’ivyavugutiwe mu nkero, abigira ishingwe, arimēmēra ku mva z’abābiha ibimazi.


Kand’ umugozi nageresheje i Samariya ni wo nzogeresha i Yerusalemu, mpagereshe na karisho nageresheje inzu ya Ahabu; kandi nzohanagura Yerusalemu, nk’uk’ umuntu ahanagura isahani, agaheza akayubika.


Waramvuye ukuboko kw’i buryo, Isi irabamira.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Kandi nzobabangurirak’ ukuboko kwanje, mpindure igihugu imisaka n’amatongo, uhereye mu bugaragwa burābana n’i Dibula, n’aho baba hose iyo hava hakagera: na bo bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


nuko rero, nkubānguriyek’ ukuboko kwanje, ngira nkugabure ng’ ube inyagano y’abanyamahanga; nzokurandura ngukūre mu mahanga, nguherengeteze mu bihugu, nkugeseze; maz’ uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa.


Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite