Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:3
22 Referans Kwoze  

Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.


Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane; amafeza n’amazahabu vyabo ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bg’Uhoraho; ntibizohāza imitima yabo, canke ngo bihāze inda zabo: kuko vyababereye igitsitaza co kubagwisha mu bigabitanyo.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Kuko mbabgira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


jewe Uhoraho mpejeje gucuranguriza abantu kure, kand’ amatongo akaba menshi mur’ iki gihugu.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Kukw i burārūko hazoturuka ihanga rije kuhatera, rizohindura igihugu caho amatongo, kandi nta wuzoba akihaba; abantu bo n’ibitungwa bizohunga bigende.


Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite