Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:2
13 Referans Kwoze  

Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.


Kandi ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Waturiye uwo muzingo, uvuga ngo N’iki kiwukwandikishije ut’ Umwami w’i Babuloni ntazobura kuza ngw ahonnye iki gihugu, akimaremw’ abantu n’ibitungwa?


Rāba nzobigera, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbagarukane kur’ iki gisagara; kandi bazokirwanya bagitsinde, bagitongoze umuriro: kand’ ibisagara vy’i Buyuda nzobigira imisaka, ata wukihaba.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.


Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Kand’ izo ngabo z’Abasiriya zaje ar’ igitero gito, arik’ Uhoraho agabura ingabo nyinshi cane z’Abayuda mu maboko yabo, kuko bari bamuhevye, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Nukw Abasiriya bashitsa kuri Yowasi itēka yaciriwe.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite