Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:18
40 Referans Kwoze  

Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.


Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane; amafeza n’amazahabu vyabo ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bg’Uhoraho; ntibizohāza imitima yabo, canke ngo bihāze inda zabo: kuko vyababereye igitsitaza co kubagwisha mu bigabitanyo.


Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’ amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’ umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya,


Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.


Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’urwo bacira abagore b’abasambanyikazi n’abagore bavisha amaraso; ishavu n’ifuhe ngufitiye nzotuma bikuvisha amaraso nawe.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!


Kuko bayirakishije ibitabo vyabo bātavye ku mpinga z’imisozi, Bayiteje ifūhe ibishushanyo vyabo vy’ibigirwamana.


Maz’ Abayuda bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bamuteza ifuhe ivyaha bakoze, birengeye ivyo ba sekuruza bakoze vyose.


Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?


Itunga ry’umutunzi kuri we n’igisagara gikomeye, Uko yiyumvira ni nk’uruzitiro rugera hejuru.


Uhoraho we, uzogeza hehe kuraka ibihe vyose? Mbeg’ ifuhe ryawe rizokwama ryaka nk’umuriro?


Yukw inkozi y’ikibi ihora irokoka ku musi w’ivyago, Kandi kw ikira ku musi w’ uburake?


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Icago, icago c’ubugesera! Ehe kiraje!


Umuryano urisumbuye ucitse inkoni yo guhana ikibi; nta masigarira yo muri bo, haba no mu masinzi yabo, haba no mw itunga ryabo; nta n’ubukuru bukiba muri bo.


Nzokurekurirakw ifuhe ryanje, na bo bazoguhanana inzigo; bazoguca amazuru n’ amatwi, kand’ amasigarira yawe azoririkwa n’inkota; bazotwara abahungu bawe n’abakobga bawe, maz’ amasigarira yawe azotikizwa n’umuriro.


mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra.


Canke mba ndi kumwe n’ abaganwa bāri bafise izahabu, Bakuzuza amazu yabo ifeza;


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Kand’ umuco w’Abisirayeli uzoba nk’umuriro, kand’ Uwera wabo azoba nk’urubeya: uzoturira utongore amahwa yiwe n’imikere yiwe ku musi umwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite