Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 n’umusi wo kwumva inzamba n’akaruru k’abirukira ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye n’iminara miremire.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:16
17 Referans Kwoze  

Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


kukw ingoro izohebga, umurwa bahora bayebanganako uzoba imisaka; umusozi n’umunara w’abateramyi bizohinduka amasenga gushitsa ibihe bidashira, bizoba aho guhimbara indogoba z’inyeshamba, hazoba ubgatsi bg’imikuku;


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!


Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Dukabakaba ku nzu nk’impumyi, ni koko dukabakaba nk’abatagira amaso; ku murango w’amashōka dutsitara nko mu kajoro; mu bagikomeye tumeze nk’abapfuye.


Bazota hagati ibisagara vyanyu vyose, bavyugarize, gushitsa ah’ inzitiro zanyu ndende zikomeye muzoba mwizigiye, zizohomvagurirwa mu gihugu canyu cose; mbere bazokwugariza ibisagara vyanyu vyose vyo mu gihugu canyu cose Uhoraho Imana yanyu yabahaye.


Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


Nuko za nzamba zivuze, abantu biha akāmo: mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akāmo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bītera mu gisagara, umuntu wese aho yar’ atumbereye, barakinesha.


Igihano cawe kiragushitseko, wewe wibera mu gihugu we! Igihe kirashitse, umusi uri hafi; n’ umusi wo kuvuza akarūru mu misozi, atar’ uwo kuvuza impundu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite