Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:14
31 Referans Kwoze  

Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Koko uwo musi uri hafi, mber’ umusi w’Uhoraho uri hafi, n’umusi wo gufurangana; igihe c’abanyamahanga kizoba kigeze.


N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;


Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.


Ehe, abahizi babo baraborogera hanze; intumwa zo gusaba impore ziriko zirarira cane.


I Heshiboni harataka bo n’i Eleyale; mber’ amajwi yabo ashika n’i Yahazi; ni co gituma ingabo z’i Mowabu ziboroga, imitima yabo ikaja mu gatengo.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Izuba rizocura umwiza, N’ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w’Uhoraho:


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


None rer’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzotuma uwo mugani uzimangana, ntibongere kuwuca mu Bisirayeli nk’umugani; arik’ ubabgire, ut’ Imisi irēgereje, n’ivyerekanywe vyose bigira bishike.


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.


Umve ijwi ry’ ukurira kw’abungere, n’iry’ ukuboroga kwa ba kizigenza mu mukuku! Kuk’ Uhoraho yakomvoje ubgatsi bgazo.


Umve urwānāga rwumvikana ku murwa, ruturutse mu rusengero! N’Uhoraho asubiriza abansi biwe mu nkōko.


Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe: ariko noneh’ irasezeranye, iti Hasigaye rimwe, ngatigitisha, s’isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.


Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi.


bazokwitegereza no kw isi, basange har’ ivyago n’umwiza n’umubabaro ubīriraniyeko: maze bazohindirwa mu mwiza w’umuzitanya.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!


N’iki gitumye bacika ivutu bagakimirana? Abahizi babo batsinzwe hasi, barahunga baratemesha, batarinze no gukebuka: haba ibibateye ubgoba irya n’ino, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite