Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:13
24 Referans Kwoze  

Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Uzobiba, ariko ntuzokwimbura; uzokānya elayo, ariko ntuzokwisīga amavuta yayo; ukānye n’imizabibu, ariko ntuzonywa vino yayo.


Muzosaba abageni, barongorwe n’abandi; muzokwubaka amazu, ntimuyabemwo; muzotera imizabibu, ntimuzoyāmūra.


Kandi nzobigabura mu maboko y’abanyamahanga ngo bibe iminyago, no ku banyakibi bo mu gihugu ngo bibe isahu, kandi bazobihumanya.


Ibintu vyawe n’itunga ryawe nzobigomorera binyagwe ata biguzi, kubg’ ivyaha vyawe vyose, bihereye ku mbibe zawe zose.


Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu.


Muzotera imizabibu, muyikorere, ariko ntimuzonywa vino yayo, canke ngo muyāmūre, kukw ingungu zizoyirya.


Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Ni co catumye mbarekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkabamarisha umuriro w’uburake bganje: ingeso zabo nazibashubije ku mitwe, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane; amafeza n’amazahabu vyabo ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bg’Uhoraho; ntibizohāza imitima yabo, canke ngo bihāze inda zabo: kuko vyababereye igitsitaza co kubagwisha mu bigabitanyo.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.


Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Bazorya inyana z’ inka zanyu, n’ivyo imirima yanyu izoba yarēze, gushitsa aho muzorandukira; nta co bazobasigariza, ar’ icitwa uruheke, canke vino, cank’ amavuta ya elayo, cank’ uruvyaro rw’inka zanyu cank’ urw’ imikuku yanyu, gushitsa aho bazobahonereza.


Ewe musozi wanje wibonekeza mu gihugu, ibintu vyawe n’itunga ryawe ryose nzobigomorera binyagwe, bo n’ibitabo vyawe vyatabge ku mpinga z’imisozi, kubg’ ivyaha, bihereye ku mbibe zawe zose.


Ishamvu yacu yegukiwe n’ abanyamahanga, N’amazu yacu yegukiwe n’ab’ akavantara,


Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite