Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:12
19 Referans Kwoze  

Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Mowabu hamye hidibamiye uhereye mu buto bgaho, hireretse ku mvūzo, ntihāsukanuwe ngo have mu mubindi haje mu wundi, ntihājanywe kw inyagano; ni co gituma uburyohe bgaho bukiri muri ho, n’ubumote bgaho ntibutītūke.


Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ ubonye ivyo abakuru b’inzu ya Isirayeli bakorera mu mwiza, umuntu wese mu gafuruka kiwe k’ibishushanyo? Kuko bavuga ng’ Uhoraho ntatubona; kandi ng’ Uhoraho yahevye igihugu.


Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.


Bakavuga, bat’ Uhoraho ntaja kubibona, Imana ya Yakobo ntija kubibabara.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ewe kuntu ivya Esau bisesanguwe! Itunga ryiwe ryari rinyegejwe ukuntu risokorowe!


Ben’ ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bishinzwe mu mirima, bitazi kuvuga: bikwiye guterurwa kuko bidashobora kwijana. Ntimukabitinye; kuko bidashobora gukora ikibi, canke ngo bibashe gukora iciza.


bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!


Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho. Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka, Nta wukora ivyiza.


Bat’ Īshobora vyose n’iki, ngo tuyisabe? Kandi ni twayisenga, bizotumarira iki?


Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.


Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?


Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite