11 Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.
Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.
Turikisha uboroge, mwana w’umuntu, kukw ibanguriwe abantu banje, ibanguriwe abaganwa bose b’Abisirayeli: bagerewe inkota hamwe n’abantu banje: shirako wishishitire.
Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.
Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.
Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.
Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.
Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.
Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.
Naho yotekeranya amafeza nk’ umukungugu, Akirundaniriza imyambaro nk’ibumba;
Ashobora kuyirundanya, arik’ umugororotsi ni we azoyambara; Na ya mafeza, abatācumuye ni bo bazoyagabangana.
Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.
Mber’ inkono yose ir’ i Yerusalemu n’i Buyuda izoba yerejwe Uhoraho Nyen’ ingabo; maz’ abatanga ibimazi bose bazoza kuzābīra, bazitekemw’ inyama. Kur’ uwo musi nta Munyakanani azoba akigera mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo.