Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:11
16 Referans Kwoze  

Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Turikisha uboroge, mwana w’umuntu, kukw ibanguriwe abantu banje, ibanguriwe abaganwa bose b’Abisirayeli: bagerewe inkota hamwe n’abantu banje: shirako wishishitire.


Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.


Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.


Naho yotekeranya amafeza nk’ umukungugu, Akirundaniriza imyambaro nk’ibumba;


Ashobora kuyirundanya, arik’ umugororotsi ni we azoyambara; Na ya mafeza, abatācumuye ni bo bazoyagabangana.


Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.


Mber’ inkono yose ir’ i Yerusalemu n’i Buyuda izoba yerejwe Uhoraho Nyen’ ingabo; maz’ abatanga ibimazi bose bazoza kuzābīra, bazitekemw’ inyama. Kur’ uwo musi nta Munyakanani azoba akigera mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite