Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zefaniya 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi.

Gade chapit la Kopi




Zefaniya 1:10
18 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo yubaka uruzitiro rw’amabuye, ruciye inyuma y’igisagara ca Dawidi, ruca ku ruhande rw’i Gihoni ruhera i burengerazuba mu mwonga, rukarinda rushika kw irembo ryitwa iry’ Amafi; arukīkūza i Ofeli, ararukuza, arugira rurerure cane; kand’ ashira abagabisha b’ingabo mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Nuko Hilukiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tikuva umwuzukuru wa Haluhasi, yajejwe ububīko bg’imyambaro, baramusiguza. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.


Irembo ryitwa iry’ Amafi ryubakwa na bene Hasenaya, barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’ amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’ umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya,


N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.


maze mu mwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kwa kane, ku musi wakwo w’icenda, basatura uruzitiro rw’ico gisagara.


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


Twese twivuga nk’igikōko citwa idubu, tukaniha nk’inuma iguguza; twitega ibiroranye, ariko nta vyo; twitega agakiza, ariko kakaba kure yacu.


Uko ni k’Uhoraho yakijije Hezekiya n’ababa i Yerusalemu, abakūye mu maboko ya Senakeribu umwami w’i Ashuri, no mu maboko y’abandi bansi bose; nukw abaha impore impande zose.


Maze Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu ku musozi Moriya, ah’ Uhoraho yiyerekeye se Dawidi, ari ho nyene Dawidi yashinze, ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.


Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, aryita umurwa wa Dawidi. Yubaka impande zose, uhereye inyuma y’uruzitiro rw’i Milo ugashitsa imbere yaho.


Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.


Nuko Hilukiya n’abo bandi umwami yatumye, baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tokihati, umwuzukuru wa Hasira, yajejwe ububīko bg’imyambaro, bamusiguza ivyo. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.


Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.


Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe imihindigiti yabo izoba irambaraye hagati y’ibigirwamana vyabo impande zose z’ibicaniro vyabo, ku gasozi kose gahagaze, no ku dutwe twose tw’imisozi miremire, no musi y’igiti cose gitotahaye, no musi y’igiti cose c’umweloni gihūritse, aho bāshikanirira ibigirwamana vyabo vyose ibizana imibabge imota neza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite