Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zaburi 127:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abana ni bo ngabire Uhoraho agaba, Imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga.

Gade chapit la Kopi




Zaburi 127:3
22 Referans Kwoze  

Uruvyaro rwo mu nda zanyu ruzohezagirwa, bo n’ imirima yo mu ndimiro zanyu, n’uruvyaro rw’amasho yanyu, inka zanyu zirondoke, bo n’imikuku yanyu.


Uyu mwana ni we nasaba, kand’ Uhoraho yampaye ico namusavye.


Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni.


irambarira, it’ Ehe nzokurondora, nkugwize, nguhindure igugu ry’amahanga; kand’ iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe ruzogukurikira, kibe ishamvu yarwo ibihe vyose.


Esau yunamura amaso, abona ba bagore n’abana, aramubaza, ati Barya muri kumwe n’aba hehe? Aramwishura, at’ Abo n’abana Imana yahereye ubuntu umusavyi wawe.


Maz’ Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.


Bahezagira Rebeka, baramubgira, bat’ Ewe mushiki wacu, uz’ uvyare usasagare, ugire ibihumbi n’ibihumbi, kand’ uruvyaro rwawe ruze rwegukire amarembo y’abansi barwo.


None mu bahungu banje bose (kandi muzi yuk’ Uhoraho yampaye benshi), yatoranijemw’ umuhungu wanje Salomo kuba ari we azovyagira ku ntebe y’ubgami bg’ Uhoraho, akaganza Abisirayeli.


Imiheto yabo izokenyagura imisore, kandi ntibazogirira akagongwe inda ikiri mu nda, n’ijisho ryabo ntirizobabarira abana bato.


Kand’ uwo mugabo abana na Eva umugore wiwe; nukw asama inda, avyara Kayini, aravuga, ati Ndonse umuhungu kubg’ Uhoraho.


Uhoraho azobasesekariza ivyiza, agwize uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’urwo mu masho yanyu, n’ imirima yo mu ndimiro zanyu, mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.


Yar’ afise abahungu mirongwitatu n’abakobga mirongwitatu; abo bakobga abashingira mu yindi miryango, asabira abahungu biwe abageni mirongwitatu nyene bavuye mu yindi miryango. Amara imyaka ndwi acira imanza Abisirayeli.


uwa gatandatu ni Itureyamu, uwo yavyaye ku wundi mugore wiwe yitwa Egila. Abo ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni.


Bene Ulamu bār’ abantu b’abahizi bazi kurasa; bāri bafise abahungu benshi n’abuzukuru benshi, bāshika kw ijana na mirongwitanu. Abo bose n’abandurutse kuri Benyamini.


Yar’ afise abahungu ndwi n’abakobga batatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite