Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zaburi 127:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bibaruhiriza ubusa kuzinduka kare, mugateba cane kuruhuka, Mukarya umutsima w’ubutame: Uwo akunda abimuhēra mw itiro.

Gade chapit la Kopi




Zaburi 127:2
17 Referans Kwoze  

Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.


Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.


Kand’ uzoba amahoro, kuko harih’ ivyizigiro; Mber’ uzokenguza, wiruhukire ata nkomanzi.


Nararyama, ngasinzira, Nkīkangura, kuk’ Uhoraho ari we ampagarikiye.


Bishitse aho ndikangura, nsanga itiro ryari rindyoheye.


Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.


Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.


Ubutame bgose bg’umuntu buterwa n’inda yiwe, yamara ntashira umuryarya.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Kirisha ukuboko kwawe kw’i buryo, unyishure, Kugira ngw abo ukunda barokorwe.


Umugisha w’Uhoraho uratungisha, Kandi nta mubabaro awuvangamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite